Mu Burundi, inzu z’ikirundi ziriko ziracibwa. Mu bice vyinshi vy’igihugu ntazo woba ugisangayo kiretse nko mu ntara kama ya Mugamba. Ariko naho nyene bariko barijukira amajambere bubaka inzu z’amabati. N’ubwo ari uko, turakwiye kwibukanya ukuntu izo nzu bazubaka n’aho atamugambi wo kuzisubirako twoba turiko turoshanya. Aka gasomwa benshi barakabonye mu mashre matomato ari naho kaguma karyoshe.

Inzu
Indagano igeze Bayaga yatanguranywe n’abataba. Baratangura baratema, hanyuma bararima baringaniza gushika aho ikibanza gisigara ari ikiyaya.
Ikibanza kibonetse, baca babaha inzoga y’abatavyi. Umuhinga wo gutamba inzu, abaza Bamire iyo ashaka uko ingana, kuko inzu zose zitanganya amatambwe. Hari izigira abiri n’umutumba w’umuntu canke abiri n’umuhini w’isuka, intoyi zigira abiri n’ikirindi c’umuhoro canke abiri gusa. Bamire amubwira ko ashaka inzu y’amatambwe abiri n’umuhini w’isuka. Uyo muhinga aca arayitamba, ahejeje baca basongora imiganda, barayishinga, basiga imyanya ingana. Ku gishimaryango bahashira ibiribiri. Ivyo biheze baca batera ikoma rinini n’agakomambeba, ari ryo koma ryo hasi. Uyo musi nyene, bubaka mu nzu hagati akazu k’ibiti bine ari ko bita samandari. Kuzuye baterura igisenge, bacinjiza mu nzu, bagitereka kuri samandari. Biringaniye, binjiza amakoma bari bajishe, barayasoza yose bahererekanya, bayakikuza samandari nk’uko yategerezwa gukurikirana. Hanyuma baca baduza igisenge. Mu kukiduza, bagonda umuganda umwumwe mu mpande zose, bayihetera rimwe, bayizirikira ku makoma y’igisenge n’intati, gica kiduga mu kirere. Baca bagonderako iyindi miganda yose, banyorosha imigozi ifashe ya miganda yahetwa kare. Muri ico gihe, bamwe bariko barasoka ibibingo hagati y’imiganda abandi bariko batera amakoma : rimwe rinini rifata mu mabondo y’inzu, n’ayandi abiri arikurikira. Bahejeje kuranda ibibingo hagati y’imiganda, inzu iba iruzuye. Hari hasigaye kuyisakara.
Bamire abonye inzu imaze kuba urukanka, aca ahemba abubatsi, bararya baranywa, barahimba, hanyuma barataha.

Nom:
Prénom:
E-mail:
Commentaire: