mercredi 24 septembre 2025

UMUGANI W'INGONA N'INKENDE


 

UMUGANI W'INGONA N'INKENDE

Imanga ntimarira Imana.Ahohambere Hahise ,Harabaye ibikoko Bibiri Ugiye Kuraba Umenga Ntaho Bihuriye Igikoko cambere N'igikoko Kiba Mumazi citwa Ingona.Iyongona Rero ikagira umuvyeyi,Yararwaye Cane Umuvyeyi w'ingona Niyongona Kandi Vyose vyaba Mumazi Ariko Rero uwomuti vyasaba Ko Bawuronderera Hejuru Kugiti.Igiko Kugira kabiri Citwa Inkende.
Iyonkende Rero Ntaho vyaribihuriye n'ingona,Kimwe cabamumazi ikindi kikaba Kugiti.Wamuvyeyi Wazangona Arahamagara Abana Bwiwe , Bamwe hirya Abandi hino Ati: Rero bibondo vyanje Jewe ngiye gushengera, Muritunga Mubuzima,muze mwihe abagenzi,Muze Mwanke ibi Mukunde Ibi. Haca haduka Umwana umwe Yakunda nyina Cane Ati:Kugira ugende tugigukeneye Ikigira kiguhitane Nigiki? Irishura Iti:Jewe indwara Rwayebisaba Umuti uhambaye Cane ,Sinokwirirwa ndabarusha Kuko Ntawo Mwopfa Muronse.Umwana umwe Aravuga Ati:Tubwire Tugerageze Kuwurondera Irabishura Iti: Nimureke Kwiruhishieiza ubusa ntabwo Mwompfa Muwuronse.Babana Bati Twogerageza.Vyakabaye Kera yangona Iti:Rekampfe kuruta Kuko Ndazi Ntawo mworonka Umuti uzomvura N'umutima WINKENDE Bose barwa Mugahundwa Ariko Umwana Umwe Yakunda umuvyeyi cane Avuga Ati: Jewe Ngiye Kugerageza.
Niho Yahitana Imikeke ibiri iragenda No Kurumusenyi Ibona Hejuru kugiti Inkende Iti:Nagira ndabaramutse Jewe Nitwa Ingona Nashaka Abagenzi BohejuruKuko Nanje Hariho ivyo hejuru Nkenera
Nako karishura Gati:Ubwobwenge Turabuzi Uzobeshe Abandi Nayo Iti:Sawa Ariko Jewe Nishakira Ubugenzi Yangona Irisubirira Mumazi.
Munyuma Iragaruka.Igarutse Ivuga Iti: Mwiriwe Neza Kagakende? Nakongati Amahoro Amahoro Meza.Ingona Iti Naje Kugutemberera Nako Gati:Genda Uzobeshe Abandi Iyo Mikenyuro Turayizi.Ingona Iti Jewe narakubwiye KO Jewe Nishakira Ubugenzi Nari Nazanye Rino Shishiro Uraheza uze Kudutora.Yankende iruruka Iratora irafungura Iti:Bwabundi Yariyazanye ishishiro riryoshe Gutya Karafungura gaca gasubira kugiti.
Nuko Yangona iragaruka Ubugira kabiri Naryashishiro Ishitse Kumusenyi Iti:Jewe Ntarwanko NdagushakiraJewe Nishakira Ubucuti nubu Narinzanye nagashishiro Urahava wururuke Utore.
Yankende iraraba iyirengeye Iruruka Iratora irafungura Irisubirira kugiti.
Yangona iragaruka Ubugira Gatatu Ivuga Iti:Jewe ngenzwa Nubucuti umubano atarumuryano. Kagakende Kunvise Ayomajambo Karuruka kageze Kwishami Ryanyuma Umutima Uranka Gasubira Hejuru. Ingona Iti:Niwunve Amahoro Ntanabi Ngushakira.
Munyuma Karuruka Biraramukanya, Birayaga ,Birasangira Yangona Yisubirira Mumazi. Kagakende Gati: Burya Narinariyahuye Bwabundi Nivyo,Bwari Ubucuti. Yangona yongera iragaruka Ubugira Gatanu Hoho izigemuye Vyinshi Birayaga Birasangira Nikiyago Cinshi Munyuma Iragasezera Neza iti:Urandamukiriza Bagenzawe.
Yangona yongera Igarukana Urubuho Rwimikeke Iti Ubu hoho uraziko Urumugenzi Kuvakera Iti: Urira Kumurongo Nguhe Umunyenga,Biroga ,Biroga,Iraheza irakazana igashira Kumusenyi. Iti Rero Tuzoba Turasubira.
Yongera iragaruka uwundi Musi Biroga Bishika Hagati Iragasubirana inyuma Iti:Tuzoba dusubira nako Gati Urakoze uyumunyenga Umpaye Ntawo Naribwapfe Ndiye.
Yongera iragaruka Ubugira indwi Hoho icirogesha ishikana Hagati Mwitaba Iti: Rero Burya umbabarire mumisi twagendanye Burya ntiwibaze ngo Rwari urukundo rwacane,Ahubwo Rwari urukundo nkunda umuvyeyi wanje.Kagakende Karasusumira ,Karamererezwa Gati Ibara rirarwanye Nawe urumva Uko kifashe.Sinzi Uko kikebutse kumutima kayibwira gati :Ahaaa!! Muvukanyi twagendanye Tutankana,Ntiwambwiye Kwari umuvyeyi wawe karwaye Ubu abatembera ,abayarakize n'ibintu utambwiye Hakirikare.Kamaze kuvuga Uko Ingona Iti: Kuberki ? Nako Gati: Burya Imana Mukuturema Yaturemanye Ibitangaza.Ingona Ikagira amakenga Iti Gute?
Nako Gati Rero wewe Wiriwe uriruhiriza ubusa Ubu abayarakize Burya Twebwe buriya Imitima Ntaco Itumariye,Ntaco Idufasha.
Ingona Iti: Imitima Ntaco Ibafasha? Nako Gati: ushima ataco Itumariye Ubu ntaniyo tugendana. Yangona iratangara. Gati Ubu Wagiruje Kwiruhishiriza ubusa Ariko Imana iragutabaye Kubimbwiye hakirikare Kuko ahatuvugana Ntamutima Nagendanye Cokimwe n'iyabagenzanje Ubu yibereye Hariya hejuru Kubiti Kongera Gati: Ahubwo Kata usubire inyuma Niwakenera itatu Canke Ine Ndaguha niyabagenzanje Uheze ugende
Yangona Iti:Kumbe Nuko Vyari Bimeze? Nako Gati Nuko
Ngiyo bifashe Kayira biragaruka Bishitse kurusi(Kumusenyi) Gati: Ndindirira Ngaho Nurire hejuru Ndayikuzanire Gashitseyo Hejuru Gati:Alooo!! Kumbe Kwaruko Rero Nubwo Vyari Bimeze Gutyo Umutima Nari Ndawufise Sinari kukubwira Ibintu Nkibi Atamutima Ngira.
Genda Ubucuti Bwawe Ndabubonye
Sije Nohahera Hohera Iyo Ngona Yashaka Umutima Wabandi.

Umugani twawushikirijwe na 
Gilbert Mwene Barnabé,  Mwene Gaseruko, mwene, Rukurubugu Mwene Firimbi

Lorem ipsum is simply dummy text of the printing and typesetting industry.

Nom:

Prénom:

E-mail:

Commentaire: