mercredi 1 février 2023

Ecologie: Kurikirane ubutumwa bw'umurundikazi DATIVA; Gereranye Uburundi n'icumba cawe (chambre)!

Isano hagati y'ubutumwa bw'umurundikazi DATIVA n'ubutumwa bwa Nyenubweranda Papa Francisco (Encyclique Laudato si') 

Mu Burundi niho dukwiye kwama duta ibintu (imicafu) mw’ibarabara ?

_________________________

Muri ubu butumwa, umurundikazi DATIVA yagerereanije uburundi n'icumba c'uburara (chambre) mugihe mubutumwa nk'ubwo nyene Nyenubweranda Papa Farasisiko agereranya isi n'inzu rusangi (la maison commune)

Kurikirana umurundikazi DATIVA aratugir’inama y’icokorwa kugira ngo igihugu c’Uburundi kije kurugero rw’ibindi bihungu. Kubw’iwe, umurundi wese yofata igihugu nk’icumba ciwe (chambre) maze akabona akamaro ko kugira isuku no kubaha ibibanza bihuriramwo abantu benshi. Imicafu irafise aho yagenewe si iyo guta mw’ibarabara ahariho hose. Kurikirana Ubutwumwa DATIVA yahaye abarundi bose bashoboye kumwumviriza muri iyi reresi yageneye ubwo butumwa. Mumukurikirane aha👇

Ubutumwa bw'umurundikazi DATIVA burafitaniye isano rinini n'ubutumwa bwa Nenubweranda Farasisiko aho amenyesha ko uruhara rwa kiremwa muntu mugutosekaza canke mukubungabunga isi: inzu rusangi (la maison commune). Raba aha👇 ikete rya Nyenubweranda Papa Farasisiko. Bikurubikuru twotegera mucete ca Nyenubweranda Papa Farasisiko 👉 raba aha

Lorem ipsum is simply dummy text of the printing and typesetting industry.

Nom:

Prénom:

E-mail:

Commentaire: