Source: Magazine Jimbere
♨️ Sije nohahera... Ruriye abandi rutakwibagiye: nawe uhora ukumbura ishure ryo ku ziko?
------------------------
🔙 Aho hambere, ubumenyi bwashikira umuhungu buciye kuri se na yo ku mwigeme bakabucisha kuri nyina biciye muri uko kuyaga nyene.
📱 Ubu ho "ishure ryo ku ziko" ririko risubirizwa na terefone ngendanwa, be n'imizingi yo gusorora" nk'uko bishikirizwa n'abavyeyi bo mu ntara ya #Ruyigi, bafatiye ku nyifato y'abakiri bato, imisore n'inkumi
🎙️ Bagira bati: "Bamwe mu bavyeyi ntibagifatira abana babo umwanya, ngo babigishe utwakera baciye nko mu migani n'ibitito. Aho hambere, muri aya mayagwa abana b'abigeme canke imisore barahigira ibijanye n'inyifato, barangiza bati: sije nohahera, canke naho bati: ruriye abandi rutakwibagiye gutyo abo bana bakagirako bikebuka"
🗨️ Mohamed umwe mu bo twaganiriye yemeza ko abana biciye mu bitito biga kwubaha, kugira ikibano ciza gufashanya n'ibindi...
📌 Ku bwiwe ngo kera umwana akosheje yarahanwa bibaye ngombwa, umubanyi akaba ari we amucishako akanywafinywafi. Eka ngo ni yo umuvyeyi atanguye gukengerwa n'abo yavyaye ngo yarizigira umubanyi agifise imirya akamuhana
📌 Na yo Rémégie nawe amenyesha ko terefone, imizingi yo mu tubare, ko ari yo iburabuza ca kiyago, bikunyurwa n'uko hari abana bobaye bakiri kw'ishure ariko ugasanga bishoye mu vyo kurondera amafaranga
✍🏿 Mwomenya ko uwa 1 Ndamukiza, ari umunsi wahariwe ikiyago n'utujajuro ariko ngo ayo mayagwa yajanye na rya shure ryo ku ziko abenshi bahavuye babitwara ukutari kwo bavuga ko ari umunsi w'ububeshi. Ubu ingo nyinshi ngo nta kiyago hagati y'abavyeyi n'abana kizirangwamwo
❓ Ku bwawe, ni gute ikiyago co kuziko cojanishwa n'ibi bihe vy'amajambere, ata kinyoshe ikindi?
#Uburundi#Imico n'akaranga

Nom:
Prénom:
E-mail:
Commentaire: