vendredi 14 novembre 2025

Bamire yubaka inzu nshasha

 


Mu Burundi, inzu z’ikirundi ziriko ziracibwa. Mu bice vyinshi vy’igihugu ntazo woba ugisangayo kiretse nko mu ntara kama ya Mugamba. Ariko naho nyene bariko barijukira amajambere bubaka inzu z’amabati. N’ubwo ari uko, turakwiye kwibukanya ukuntu izo nzu bazubaka n’aho atamugambi wo kuzisubirako twoba turiko turoshanya. Aka gasomwa benshi barakabonye mu mashre matomato ari naho kaguma karyoshe. 

Inzu_

Inzu

Indagano igeze Bayaga yatanguranywe n’abataba. Baratangura baratema, hanyuma bararima baringaniza gushika aho ikibanza gisigara ari ikiyaya.

Ikibanza kibonetse, baca babaha inzoga y’abatavyi. Umuhinga wo gutamba inzu, abaza Bamire iyo ashaka uko ingana, kuko inzu zose zitanganya amatambwe. Hari izigira abiri n’umutumba w’umuntu canke abiri n’umuhini w’isuka, intoyi zigira abiri n’ikirindi c’umuhoro canke abiri gusa. Bamire amubwira ko ashaka inzu y’amatambwe abiri n’umuhini w’isuka. Uyo muhinga aca arayitamba, ahejeje baca basongora imiganda, barayishinga, basiga imyanya ingana. Ku gishimaryango bahashira ibiribiri. Ivyo biheze baca batera ikoma rinini n’agakomambeba, ari ryo koma ryo hasi. Uyo musi nyene, bubaka mu nzu hagati akazu k’ibiti  bine ari ko bita samandari. Kuzuye baterura igisenge, bacinjiza mu nzu, bagitereka kuri samandari. Biringaniye,  binjiza amakoma bari bajishe, barayasoza yose  bahererekanya, bayakikuza samandari  nk’uko yategerezwa gukurikirana. Hanyuma baca baduza igisenge. Mu kukiduza, bagonda umuganda umwumwe mu mpande zose, bayihetera rimwe,  bayizirikira ku makoma y’igisenge  n’intati, gica kiduga mu kirere. Baca bagonderako iyindi miganda yose, banyorosha imigozi ifashe ya miganda  yahetwa kare. Muri ico gihe, bamwe bariko barasoka ibibingo hagati y’imiganda  abandi bariko batera amakoma : rimwe rinini rifata mu mabondo y’inzu,  n’ayandi abiri arikurikira. Bahejeje kuranda ibibingo hagati  y’imiganda, inzu iba iruzuye. Hari hasigaye kuyisakara.

Bamire abonye inzu imaze kuba urukanka, aca ahemba abubatsi,  bararya baranywa, barahimba, hanyuma barataha.

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Nom:

Prénom:

E-mail:

Commentaire: