vendredi 27 décembre 2024

Ukuvuka kw’umwana n’umugirwa wo gusohora umuvyeyi

 

Ukuvuka kw’umwana n’umugirwa wo gusohora umuvyeyi

Ishusho: https://joyinstead.wordpress.com

Nk’uko tubisoma mu gitabu canditswe n’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo imico kama casohotse mu mwaka w’1980 citwa « Culture et Société, Revue de civilisation Burundaise Tomme III » ngo ukuvyara umwana ni intambwe idasanzwe yinjiza umukenyezi mu rindi banga rirengeye iryo kuba yubatse urugo.

Muri iki candiko tuzorabira hamwe uwu mugirwa tukazobikora mu bice bibiri. Ubwambere turaraba ingene vyagenda iyo umwana yavytse ari umwe. Ubwa kabiri tuzoraba ingene vyagenda iyo havutse amahasa.

Iyo umwana yavutse ari umwe

Iyo umuvyeyi avuye mu bwiba maze hakagera ko asohoka akaja ahabona ubwambere, haraba imigirwa idasanzwe. Imiryango, incuti, ababanyi n’abagenzi barasidukana n’iiyonka kumukeza.

Baratamba bagatarika bagaragaza akanyamuneza maze umwe wese akabikora agaragaza ubushobozi bwiwe eka mbere n’ingene ashobora kuramiriza mu kuvyina no mu kwikora mu gahogo. Izo ntambo zaba zifise intumbero zibiri ; ubwambere kwaba ari ugukeza umuvyeyi, ubwakabiri kwaba ari ukwishimira n’ukwakira ico kibondo mu kugaragaza igishika ntangere bammwakiranye mu muryango, mu kibano eka mbere no mugihugu.

Umugirwa w’urweyo

Mu miryango itari mike haraba uwundi mugirwa uryoshe. Abana bakiri bato baba bakoranye ari benshi cane. Baratonda umurongo umwe wese afise agashurwe mu minwe. Ryashobora kuba ishami ry’igisandasanda bamumuye mw’ishamba. Aya mashurwe n’ibi bisandasanda nivyo bita ‘Urweyo’. Aba ban abaca batangura gutambira umuvyeyi yibarutse baririmba bati :
“E Mama sanganira
“E Mama sanganira’’

Aba bana baba bayobowe na inakuru w’uru ruhinja ruheruka kuvuka canke uwundi muntu wo mumu ryango igihe inakuru atahari. Baca begereza kwakira ca kibondo bakagitwara mu murwi wabo bakagaragaza batyo akanyamuneza ko kuronka uwundi mwana hagati yabo. Bagenda batwaye rwa rweyo mu rutaro. Uru rutaro nirwo nyene rukoreshwa muguterura uwu mwana igihe baza ku mwereka Uburundi.

Aba bana bose barikurikiranya gukeza umuvyeyi mu kumurwa munda. Bahejeje ivyo, baca babaha imfungurwa nyinshi n’inyobwa, bakanwera mu gakarabo kanini canke gato bivanye n’ubwinshi bw’aba bana. Izi mfungurwa n’izi nyobwa zahabwa aba bana nazo nyene bazita «Urweyo »

Ugukeza umuvyeyi yavyaye n’uguhekereza

Bugingo aba bana bariko barafungura bongera banwa mu kamwemwe ntangere, abagore nabo baba bariko baratamba batarika. Aha nyene umuvyeyi yibarutse yaba ariko arashira umwana mu mugongo nikwo “Guhekerezwa”.

Umugirwa woguhekereza wasigura ko umuvyeyi ashobora gusubira ku mirimo ya misi yose nk’uko yahora. Baca bamukura aho bakamuherekeza inyuma y’urugo bakamwereka ivyatsi n’amababi atandukanye azomufasha mu kuvura ikibondo ciwe.
Baramwamurira amababi makeyi bakayamuhereza abandi nabo baguma baririmba indirimbo zo kumwipfuriza kurondoka n’ugutera imbere. Bavuye aho baraheza bagatera igitoki nk’ikimenyetso co kwipfuriza umwana yavutse ukuramba. Umuvyeyi rero baramwipfuriza ineza mu ndirimbo no mu vyese.

Bagira bati:

“Kira mama
Kira Mubarazi
Waruyabutse
Kira Gusenya
Kira Kuvoma
Simba imanga
Imana Icane
Kira Agafuni Kinyuma y’inzu
Ntikagusema
Karima isi…”

Aho hose inyuma y’ivyo vyipfuzo umuvyeyi yaguma aza arishura ati : « Twese »

Ukugaragaza akanyamuneza kw’umuvyeyi yibarutse

Bahejeje ku mukeza, umuvyeyi nawe yaraterera mu kajwi, agatera Ibihozo ariririmbira umwana wiwe ashimira n’Imana yamumuhaye.
Yaririmba ati :
“Hora ihorere mama hora
Hora mwiza w’iwanje hora, hum
Mama hora
Hora katabona bose hora
Iyo kaba kabona bose
Nta wuba aruta uwundi hora, hum
Mama hora
Nta wuba aruta uwundi hora
Baba bangana bose hora, hum
Mama hora
Hora murima w’ isangi, hora
Dusangiye w’Imana hora, hum
Mama hora
Imana yakumpaye hora
Icompa ngo tugahura hora
Noyicanira ikota hora
Nopfukama nkayisenga hora, hum
Mama hora
Uwukwanka ndamwanka hora
Aragacana injishi hora
Yenyegeze igisabo hora, hum
Mama hora”

Ivyo biheze baratereka bakanywa bakayaga.

Ubutaha tuzobayagira ingene vyagenda iyo umuvyeyi yavyaye amahasa.

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Nom:

Prénom:

E-mail:

Commentaire: