mardi 23 septembre 2025

Umugani w'inkuba n'inyange




Umus'umwe,Inzuzi zarakanye Ibikoko vyokw'isi birabura amazi.Niho vyacabija inama Bivuga biti:Tuvugane Ukuntu tuzozana amazi, Igikoko kizozana amazi Nico kizoca kiba Umwami Wacu.Nuko,Vyose Biraheza Biravyemeranya.Bica bigenda Vyose Ahahora umugezi w'amazi Bitangura kudoda Bikoresheje imimwa Yavyo,Kugira Birondere amazi.

Niho hatangura Ifundi ivuga Iti: "Ndodagure,Ndode,ndonde kurutare,Ninaronka amazi y'urutare,Nzoba Mbaye Umwami do,ndodore Ariko Amazi Ntiyaza".

Inyamanza Iraza Iti: "Ndodagure, Ndode, ndonde kurutare, Ninaronka amazi y'urutare, Nzoba Mbaye Umwami do,Ndodore." Ariko Ntihaza Nima.

Haza Umununi Nawo Uvuguti: "Ndodagure, Ndode, ndonde kurutare, Ninaronka amazi y'urutare, Nzoba Mbaye Umwami do,Ndodore". Haraheza harabura Nima.

Inyamanza Iragaruka Ubugira Kane Igira Kwakundi Ntihaza Nima .

Haza Inyange Ivuga Iti:"Ndodagure, Ndode, ndonde kurutare, Ninaronka amazi y'urutare, Nzoba Mbaye Umwami do, Ndodore". Hakaza ivyondo Bisise.Irabandanya Ivuga Kwakundi Hakongera Hakaza Utwondo Tuvanze N'amazi Makeyi.Ibindi Bikoko ngo bibibone Ivyo Vyiruka Epfo gutegera amazi Kubera Vyari Binyotewe Cane .Yanyange Ibone Gutyo Irushirizaho Mukuvyina Ivuga Iti: Ndodagure, Ndode kurutare, Ninaronka amazi y'urutare, Nzoba Mbaye Umwami do.Wamwonga Urasesa amazi Menshi Udukoko Dutoduto Dutwarwa nisegenya. Ibikoko Binini Biramywa Birahimba .Yanyange Iraheza Iba Umwami wavyo,irabirongora Navyo Birayikurikira.

Ngo Bishike Kugasozi Karekare hejuru Yanyange Irararama,Iranega n'icumu ryayo. Vyabikoko birayihagatira n'amacumu yavyo Vyayaneze. Bugingo Abasavyi n'abatoni Bariko Barigina Umwami Mushasha Yarahejeje Kubatabara Ikigoyi c'inyota yamazi.Haza Inkuba Iraravya ngo fye iraheza Ihitana icumu ry'ayanyange iraritwara.Yanyange Iti:Ndabigenze GT?

Igitangurirwa Kiraheza kirishura Giti:Ndazi kujisha kiraheza Kirandondagura Utugozi No Mwijuru ngo Baa.Inyamanza Bayituma Mwijuru Bijanye Nisazi Bishitseyo Inyamanza Ivuga Iti :Nkuba,Nkuba Zana icumu ry'ayanyange,Ntaribwa n'abakozi ,n'umwami w'inyoni N'umwami w'inyoni N'umwami.

Hama Inkuba Iti:Icumu rirahari Niwarimenya Uzoheza Uritore.Ahohose Nkuba ntiyatahura icatunye Ivyo Bikoko Vyose vyayiteye Mwijuru Bije kurondera Icumu Ry'inyanyange.NihoYasazi Yavyumva Iri Mumukingo.Iciza Kubwira yanyamanza Iti:Niwaramuka umbonye kw'icumu nzohagara uzoce Ushingura Rizoba ariryonyene kukubera Nkuba Yafashe Icumu Arishira Mumacumu Menshi kugira ngo Ntuzorimenye ngo uzotahe atacoo utahanye.

Niho bwaca Yanyamanza barayihamagara Mucumba Kirimwo y'amacumu Menshi,Nkuko Vyari Vyarunvikanye Nayasazi Iraheza iragenda ihagarara Kuriryacumu Yanyamanza baraheza barayihamagara Iti:Ikingenza Inje gutora Icumu ry'inyange Ryibwe Ninkuba.

Inyamanza Niho Bayibwira ngo Ritore iryocumu.Inyamanza Yaciyeb iraba Icumu ririko isazi Iraheza Iraritora Irarijana Irishikiriza Inyange

Sije Nohahera,hohera iyo Nkuba yaje kwiba icumu ry'inyange


Umugani twawushikirijwe na: 

Gilbert Mwene Barnabé Mwene Gaseruko Wa Rukurubugu Mwene Firimbi

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Nom:

Prénom:

E-mail:

Commentaire: